Uko wahagera

Centrafrika: Imivyimba y’Abantu 17 Yarambitswe imbere y’ibiro vya MINUSCA


Imyiyereklano imbere y'ibiro vya MINUSCA ku murwa mukuru wa Centrafrika, Bangui, italiki 11, ukwezi kwa kane, umwaka w'i 2018
Imyiyereklano imbere y'ibiro vya MINUSCA ku murwa mukuru wa Centrafrika, Bangui, italiki 11, ukwezi kwa kane, umwaka w'i 2018

Imivyimba y’abantu 17 yarambitswe imbere y’ibiro vy’ishirahamwe mpuzamakungu bijejwe gucungera umutekano ku murwa mukuru w’ igihugu ca Republika ya Centre Afrika uyu musi ku wa gatatu, mu mugambi wo kwiyamiriza ibitero bishasha vyakozwe ku mirwi yitwaje ibigwanisho, muri lkaritiye y’abaislamu.

Ivyo vyose bishitse mu gihe umukuru w’ibiro vy’ishirahamwe mpuzamakungu bijejwe gucungera umutekano, Jean-Pierre Lacroix ari mu rugendo mur’ico gihugu casinzikajwe n’ubukene hamwe n’ingwano zifatiye ku madini, kuva mu mwaka w’2013.

Ishirahamwe mpuzamakungu ryitaho imbabare Croix Rouge ryaciye ryihuta gukura imivyimba mur’ico kibanza.

Ivyo biro vy’ishirahamwe mpuzamakungu vyatangaje kw’umunyarwanda ari mu gikorwa co gucungera umutekano hamwe n’abandi umunani, bakomeretse ejo ku musi wa kabiri, igihe inteko zijejwe gucungera umutekano zatana mu mitwe n’abantu bitwaje ibigwanisho mu gihe c’amasaha atari make, ku murwa mukuru Bangui.

Ibiro vy’ishirahamwe mpuzamakungu mur’ico gihugu bivuga kw’ico gitero cabaye mu misi ibiri iheze, inyuma y’aho inteko zijejwe gucungera umutekano, zifatanije n’abasirikare b’igihugu ca Republika ya Centre Africa, bagakora igitero muri kariye y’abaislamu, bagiye gufata no kwambura ibigwanisho imirwi ivyitwaje y’abicanyi.

Yamara itangazo ryasohowe n’ubushikiranganji bujejwe kwivuna abansi, rivuga kw’abasirikare b’igihugu batagize uruhara mur’ico gitero. Ubwo bushikirangabji bwateye akamo abanyagihugu bo ku murwa mukuru, kabasaba kuguma batekanye.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG