Uko wahagera

Abanyororo 20 muri Brezile Bishwe Bagerageza Gutoroka


Abanyororo baboneka aho bari bagumutse mw'ibohero ry'i Alcacuz, muri reta ya Rio Grande do Norte, Brezile, itariki 21/01/2017.
Abanyororo baboneka aho bari bagumutse mw'ibohero ry'i Alcacuz, muri reta ya Rio Grande do Norte, Brezile, itariki 21/01/2017.

Abanyororo bashika kuri 20 barishwe ku musi wa kabiri muri Bresil bariko batana mu mitwe n’igiporisi igihe bariko bageregeza gutoroka ibohero. Ivyo vyatangajwe n’abajejwe umutekano muri reta ya Para.

Ayo makuru avuga kandi ko hari akagwi kari kitwaje inkoho zikomeye kateye kari hanze y’iryo bohero kugira gafashe imbohe nazo nyene zari zitwaje ibirwanisho mw’ibohero riri hafi yo mu gisagara ca Belem, muri reta ya Para.

Ako kagwi kari hanze karagerageje gutera igisasu gisambura ngo basambure uruhome rw'iryo bihero, abaporisi nabo baca batangura kurasa, nkuko bitangazwa n’abategetsi muri iyo reta.

Amabohero yo muri Bresil arakunda kubamwo ubwicanyi, cane cane iyo imbohe ziriko ziratoroka canke ziriko zitana mu mitwe n’abaporisi ahandi naho abanyororo bagasubiranamwo hagati yabo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG