Uko wahagera

Sudani: Abari Bapfungiwe ivya Politike Barekuwe


Perezida wa Sudani, Omar al-Bashir agiye kwakira mugenzi we wa Sudani y'Ubumanuko, Salva Kiir, ku kibuga c'indege Mayardit i Khartoum, Sudani, itariki 1/11/2017.
Perezida wa Sudani, Omar al-Bashir agiye kwakira mugenzi we wa Sudani y'Ubumanuko, Salva Kiir, ku kibuga c'indege Mayardit i Khartoum, Sudani, itariki 1/11/2017.

Perezida wa Sudani, Omar al-Bashir yarasohoye itegeko ryo gufungura abapfungiwe imvo za politike mu gihugu, nkuko vyashikirijwe n’itororokanirizo ry’amakuru rya reta, SUNA, kuri uyu wa kabiri.

Ico kimenyeshamakuru kivuga ko iyo ngingo ari kimwe mu twigoro two gusubiza hamwe abanyagihugu, no gutsimbataza amahoro, inyuma y’aho amasinzi y’abantu bahagarikiwe bihereje amabarabara bariko biyamiriza reta y'ico gihugu.

Ibigitigiri vy’abo banyororo barekuwe canke ibibaranga ntivyashikirijwe.

Bashir yararekuye izindi mbohe za politike 80 mu kwezi kwa kabiri. Inyuma y'aho, imirwi itavuga rumwe na reta yari yavuze ko abandi 50 bagisigaye mu mabohero, harimwo n’umunyepolitike akomeye arongoye umugambwe w’aba communiste, Mohamed Mokhtar al-Khatib.

Ambasade za Reta zunze ubumwe z’Amerika hamwe n’ibihugu vya Buraya muri Sudani bari barasavye ko abanyororo bose papfungiwe izo mvo barekurwa.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG