Uko wahagera

USA: Ibiro FBI Vyarasatse Umushikirizamanza wa Trump


Michael Cohen ni umushikirizamanza wa Perezida Donald Trump
Michael Cohen ni umushikirizamanza wa Perezida Donald Trump

Perezida wa Reta Zunze Ubumwe za Amerika, Donald Trump, yishuye n’ishavu ryinshi ku gikorwa c’ugusaka ibiro vy’umushikirizamanza wiwe, Michael Cohen, cakozwe n’ibiro bijejwe gutohoza ivyaha, FBI. Yatangaje ko ico gikorwa c’ibiro FBI ari akamaramaza.

Abakozi ba FBI bashize mu bikorwa umutahe w’ugusaka ibiro vya Michael Cohen n’ihoteli yabamwo. Ivyo ni mu ntumbero yo gufata inzandiko zijanye n’ivy’amafranga hamwe n’izindi nzandiko, harimwo izijanye n’amadolari ibihumbi 130 Cohen yahaye Stormy Daniels akina amareresi arimwo imibonano mpuzabitsina.

Abantu bakwirikirana iyo dosiye babwiye ikinyamakuru The Washington Post na New York Times, ko Cohen ariko akwirikiranwa ku vy'uko ashobora kuba yabeshe ibanki kugira aronke ingurane.

Igikorwa c’ugusaka ibiro vya Micahel Cohen kivurwa ko cabaye bisabwe n’umushikirizamanza adasanzwe, Robert Mueller. Uwo amaze umwaka atohoza ukwivanga mu matora yo mu mwaka w’i 2016 muri Amerika ku Burusiya, n’uko abari bajejwe igikorwa c’ukwiyamamaza ca Donald Trump boba barakoranye n’Uburusiya.

Prezida Trump avuga ko igikorwa c’ugusaka ibiro vy’umushikirizamanza wiwe ari igikorwa gityoza igihugu cose.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG