Uko wahagera

Sudani y'Epfo: Jenerali Paul Malong Yashinze Umurwi w'Abarwanyi


Jenerali Paul Malong Awan
Jenerali Paul Malong Awan

Uwahoze ari umukuru w’ibiro bikuru vya gisirikare muri Sudani y’ubumanuko, yashinze umuhari mushasha witwaje ibirwanisho uzwi kw’izina rya South Sudan United Front (SSUF).

Jenerali Paul Malong Awan yabitangaje kuri uyu musi wa mbere, aca avuga ko uzoba utumbereye kurwanya ibiturire, guhagarika ubwicanyi, kurwanira demokarasi, ubutungane, uburinganire hamwe n’umwidegemvyo w’abanyagihugu.

Awan yemeye kandi ko azokwubahiriza amasezerano yo guhagarika intambara yasinywe mu kwezi kwa cumi na kabiri umwaka uheze n’impande zose zishamiranye.

Umuvugizi w’uwo muhari South Sudan United Front, Sunday De John, yabwiye Ijwi ry’Amerika kuri uyu wa mbere aho ari i Nairobi muri Kenya ko uwo muhari uzokora kugira ushikane Sudani yo mu bumanuko mu mahoro.

Umushikiranganji wo kumenyesha amakuru akaba n’umuvugizi wa reta, Michael Makuei ntiyashimye kugira ico avuze kur’uyo muhari mushasha wavutse. Yemeye kugira ico ashikirije kuri uyu wa kabiri.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG