Luiz Inácio Lula da Silva, yahoze ari perezida kandi yari mu bafise amahirwe yo kwitoza mu matora y’umukuru w’igihugu muri Brezile, kuva kuri uyu w’Imana ari mw’ibohero ryo mu gisagara ca Curitiba, mu bumanuko bw'igihugu, aho abanywanyi biwe bariko bategura umugararizo kugira yongere ahabwe kwidegemvya.
Umukuru w’umugambwe Lula yamukamwo, “Parti des Travailleurs (PT)” Gleisi Hoffmann yabwiye isinzi ry’abanywanyi bawo ko bazokorera mur’ico gisagara kugeza Lula abohowe. Yemeza ko apfunzwe ku mvo za poritike.
Lula, yaciriwe mu mpera z’ukwezi kwa mbere urubanza rwo gupfungwa imyaka 12 hamwe n’ukwezi kumwe kuvyaha vyo kurya ibiturire.
Muri Brezile, Lula abonwa na bamwe nk’umuntu yakuye amamiriyoni y’abanyagihugu mu bukene muri manda zibiri yamaze ku butegetsi (2003-2010), ariko abandi bamubona nk’umusuma karuhariwe muri kahise k’ico gihugu, cane cane kuvyaha vyo kurya ibiturire yagirizwa.
Facebook Forum