Ubushinwa bwafashe ingingo yo kwongereza amatagisi ku bidandazwa vyinjira bivuye muri Reta zunze ubumwe mu ntumbero yo kwihora ingingo nk’izo ziheruka gufatwa n’Amerika.
Ibidandazwa iyo ngingo y’Ubushinwa yerekeye ni ibijanye n’ivyuma vy’indege, isoya hamwe n’imiduga. Ibi ni na vyo mutima w’ubutunzi bwa Reta zunze ubumwe z’Amerika, aho abaguzi n’amashirahamwe y’Amerika bashikiriza ko bizobazanira ingaruka mbi.
Ku musi wa kabiri, reta ya Trump yarasohoye urutonde rw’imfatakibanza rw’ibidandazwa biva mu Bushinwa bigiye gutozwa amatagisi mashasha, Ubushinwa na bwo bwaciye bwihora mu gusohora urutonde bw’ibiva muri Amerika bigiye gufatirwa ingingo nk'izo.
Ishirahamwe ry’Abanyamerika barima Isoya baciye basaba ibiro vy’umukuru w’igihugu, White House, kwisubirako kuri iyo ngingo.
Ubushinwa bwonyene bugurira muri Amerika isoya ingana n’ibice 61 kw’ijana vy’iyo Amerika ishorera mu mahanga.
Facebook Forum