Umugore yarashe ahari icicaro c’ishirahamwe Youtube hafi y’igisagara ca San Francisco muri reta ya Californiya, muri Reta zunze ubumwe z'Amerika kuri uyu wa kabiri, akomeretsa abantu batatu imbere y'uko na we yiyica.
Igiporisi ntikiramenyesha ibiranga abarashwe canke uwo yarashe, ariko kivuga ko vyoba bifise intandaro z’amatati yo mu miryango.
Umuvugizi w’ibitaro vy’i San Francisco avuga ko bariko baravura ibikomere vy’abarashwe, abagore babiri batababaye hamwe n’umugabo bavuga ko yababaye cane.
Umukuru w’igiporisi mu gisagara ca San Bruno, Ed Barberini yavuze ko abo bantu barasiwe hanze y’iyo nyubakwa ya Youtube bariko bivuna umusase.
Facebook Forum