Abasirikare batanu bo muri Kameruni bishwe mu gitero cabereye ku kirindiro c’igisirikare mu buraruko bw’igihugu. Ayo makuru yamenyeshejwe uno musi ku wa kabiri, n’itororokanirizo ry’amakuru ry’abafaransa, AFP.
Abo basirikare batanu, umwe muri bo w’intwazangabo, bishwe mw’ijoro ryo ku musi wa mbere mu mihana y’ahitwa, Sagme, hafi y’urubibe n’igihugu ca Nijeriya n’akarere k’ikiyaga Cadi. Abandi basirikare batatu barakomeretse.
Ntawiyitiriye ico gitero. Yamara intagondwa z’umurwi Boko Haram zaragize ibitero bitari bike muri ako karere muri kahise. Ntaco igisirikare ca Kameruni kirabivugako.
Kuva mu mwaka w’i 2014, umurwi Boko Haram wishe abasivile n’abasirikare ibihumbi bibiri. Uwo murwi wanyuruje abandi bagera ku gihumbi mu buraruko bwa Kameruni.
Uwo murwi umaze kwica abantu 20.000 kuva ufashe ibirwanisho mu mwaka w’i 2009.
Facebook Forum