Uko wahagera

Perezida Trump Arashobora Kwakira Vladimir Putin


Putin na Trump mu nama ya APEC mu kwezi kwa cumi na kumwe umwaka wa 2017
Putin na Trump mu nama ya APEC mu kwezi kwa cumi na kumwe umwaka wa 2017

Umutegetsi mukuru ajejwe gutangaza amakuru mu biro kwa Perezida Donald Trump, Sarah Huckabee Sanders atangaza ko Prezida wa Amerika yashikirije iciyumviro c’ukwakira Prezida w’Uburusiya Vladimir Putin muri Prezidanse ya Amerika, White House.

Ico ciyumviro cashikirijwe mu kiganiro abo bakuru b’ibihugu bagiranye kw’itelefone kw’itariki ya 20 y’ukwezi kwa gatatu guheze.

Inyuma y’ico kiganiro kuri telefone, Trump yavuze ko yizeye kuzobonana na Putin bidatevye cane. Yamara ivyo bihugu vyompi bivuga ko ata tegurwa ry’iyo nama riraba gushika ubu.

Ejo ku musi wa mbere, nta yandi makuru umupfasoni Sanders yashikirije ajanye n’itegurwa ry’iyo nama ishobora kuba hagati ya Trump na Putin.

Yuri Ushakov, umukozi wo mu biro vy’umukuru w’igihugu mu Burusiya aremeza ko Trump yashikirije ico ciyumviro co kwakira Putin mu ngoro ya White House.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG