Perezida w’igihugu c’Ubushinwa, Xi Jiping, yakiye mugenzi we wa Zimbabwe, Emmerson Mnangagwa nk’umugenzi wa kera w’Ubushinwa, uno musi ku wa kabiri. Mnangagwa yagendeye igihugu c’Ubushinwa cigeze kuba gishigikiye uwo yasubiriye, Robert Mugabe.
Mnangagwa, yaronse inyigisho za gisirikare mu Bushinwa igihe yari umurwanyi yari akiri muto, mu rugamba rw’uguhabuza Zimbabwe mu myaka yo muza mirongo itandatu.
Nirwo rugendo rwa mbere agize hanze y’akarere ka Afrika kuva ashitse ku butegetsi.
Prezida Xi Jinping nawe bateye umukono ku nzandiko zitandatu, harimwo urwandiko rwerekeye gufashanya mu bijanye n’ubutunzi n’iterambere. Urundi rwandiko rwerekeye imfashanyo yihutirwa y’ibifungurwa.
Ni mu gihe Perezida Mnangagwa ariko arondera gufashwa n’igihugu gicuditse bikomeye na Zimbabwe.
Ubushinwa bwabaye kimwe mu bihugu vyashigikiye bikomeye Robert Mugabe igihe yari perezida wa Zimbabwe. Ni gihugu cagiraniye imigenderanire ikomeye cane mu vy’ubutunzi na Zimbabwe. Ni mu gihe ibihugu vyo mu burengero bw’isi vyari vyaciriye ivomo Mugabe, kubera inyifato ya Reta ku bijanye n’ugutyoza agateka ka muntu.
Yamara nta ruhande Ubushinwa bwafashe ku mugaragaro igihe yariko akurwa ku butegetsi.
Facebook Forum