Uko wahagera

Isirayeli Nticirukanye Abimukira b'Abanyafrika


Abimukira b'Abanyafrika bari ku biro vy'impunzi n'abimukira muri Isirayeli.
Abimukira b'Abanyafrika bari ku biro vy'impunzi n'abimukira muri Isirayeli.

Igihugu ca Isirayeli cahagaritse umugambi waco wo kwirukana abimukira b’Abanyafrika, inyuma y’amasezerano cagiranye n’ishami ry’ishirahamwe mpuzamakungu ONU ryika ku mpunzi, HCR.

Abimukira 16,250, benshi barondera ubuhungiro, bagiye kuzorungikwa mu bihugu vyo mu burengero bw’isi, birimwo Canada, Ubutaliyano hamwe n’Ubudagi, nkuko bishikirizwa n’umushikiranganji wa mbere wa Isirayeli Benjamin Netanyahu. Yavuze kandi ko abandi bangana ico gitigiri nyene bazogumizwa muri Isirayeli.

Isirayeli ihaye indaro abimukira 35,000 b’Abanyafrika, benshi muri bo bamuka muri Eritreya, na Sudani. Abo bimukira bavuga ko basaba ubuhungiro kuko bahunze guhamwa. Ni mugihe abategetsi ba Isirayeli bamye bavuga ko bariko barondera ubuzi.

Mu kwezi kwa kabiri, Isirayeli niho yasohora itegeko ryo kwurikana abimukira b’abagabo ibihumbi 20, ibaha ikiringo c’amezi abiri co kuba batahutse atari aho bakazopfungwa.


Facebook Forum

XS
SM
MD
LG