Uko wahagera

Uburusiya Bwasubirije mu Nkoko Amerika n'Ibindi Bihugu


Ambasade y'Amerika i Moscou mu Burusiya
Ambasade y'Amerika i Moscou mu Burusiya

Umushikiranganji w’Uburusiya ajejwe imigenderanire, yatumyeko intumwa ziserukira ibihugu vyirukanye ababuserukira mu bihugu vyabo, kugira ngo yiyamirize ingingo zafashwe n’ivyo bihugu. Bityo, yongere kandi abashikirize ingingo zo kubasubiriza mu nkoko Uburusiya cafashe.

Ambasaderi aserukira igihugu c’Ubudagi, uyu musi ku wa gatanu, yari yarengutse ku bushikiranganji bw’Uburusiya bujejwe imigenderanire co kimwe n’aba ambasaderi baserukira b'Ubuhollande, Ukraine, Ubufaransa, Ubutaliyano hamwe na Pologne.

Reta Zunze Ubumwe za Amerika, ejo ku musi wa kane, zaratangaje ko ata singuro n’imwe ihari yotuma Uburusiya bufata ingingo zo gusubiriza mu nkoko ivyo bihugu.

Ejo ku musi wa kane nyene ku mugoroba, Perezidanse ya Amerika yarasohoye urwandiko ruvuga ko ingingo yafashwe na reta y’Uburusiya, izotuma imigenderanire hati y’ico gihugu n'Amerika, yari isanzwe itifashe neza, itosekara kurusha.

Uburusiya bwarugaye kandi ibiro vya consulat ya Reta Zunze ubumwe za Amerika mu gisagara ca St. Petersburg. Ivyo bigakorwa mu minsi ibiri.

Reta Zunze ubumwe za Amerika hamwe n’ibindi bihugu birenga 12, vyarirukanye abategetsi baserukira Uburusiya, baregwa ko bakora nk’abasumyi b’urusaku.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG