Uko wahagera

RDC: Inyungu za Perezida Kabila Zirabangamiwe n'aba Mai Mai


Perezida Joseph Kabila wa Republika iharanira demokarasi ya Kongo.
Perezida Joseph Kabila wa Republika iharanira demokarasi ya Kongo.

Abantu bashika kuri babiri biravugwa ko bishwe mu gitero cegekwa ku barwanyi b’aba Mai Mai cakozwe kw’iyororero rya Perezida Joseph Kabila riri i Kabacha, mu ntara ya Beni, mu buseruko bwa Republika iharanira demokarasi ya Kongo, nkuko vyashikirijwe na Julbert Kambale, umukuru w’amashirahamwe adaharanira inyungu za poritike mur’iyo ntara.

Umuvugizi wa gisirikare mur’ako karere, kapitene Mak Hazukay nawe nyene yemeje ico gitero ariko yirinda kuvuga ivyoba vyarononekaye.

Ubutunzi bwa Perezida Kabila bumaze igihe buterwa ahandi bugasamburwa.

Inyubakwa ya Kabila iri mu gisagara ca Musienene, ku birometero 70 uva i Beni yaraturiwe ku musi mukuru wa Noël, kandi ivyo vyagirijwe aba Mai Mai.

Iyindi nyubakwa yiwe yaratewe mu ntara ya Ituri, mu buraruko bw’igihugu.

Abarwanyi b’aba Mai Mai bahoze bari ku ruhande rwa Reta ya RDC, basavye kuva kera ko hatunganwa amatora batipfuza ko Perezida Kabila yobamwo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG