Abanyamerika bagiye kuva muri Siriya mu bihe vya vuba kuko umuhari w’iterabwoba wa reta ya Kiyisilamu usa n’uwaneshejwe. Ivyo vyashikirije na Perezida Donald Trump kuri uyu wa kane mw’ijambo yariko arashikiriza muri reta ya Ohio.
Trump yagize ati "Tuzova muri Siriya vuba, tuzotaha mu gihugu, iwacu, aho twipfuza kuba." Yongeye avuga ko vuba bagiye kwigarurira ijana kw’ijana vy’uduce twose twari mu minwe y’abakora iterabwoba.
Ayo majambo ya Perezida Trump asa n’ayavuguruza ayigeze kuvugwa n’uwahoze ari sekreteri wa reta wa reta yiwe, Rex Tillerson hagati mu kwezi kwa mbere.
Tillerson yavuze ko Amerika yarungitse abasirikare bashika 2000 muri ako karere kandi bazogumayo gushika umuhari wa reta ya Kiyisilamu uneshejwe ubutakigaruka, kandi bazogumayo baraba inyifato ya Irani kandi bafashe no gukura perezida Bachar al-Assad wa Siriya ku butegetsi.
Tillerson yavuze kandi ico gihe ko Amerika itazokora ikosha nk’iryakozwe muri kahise mu mwaka w’2011, aho bavuye muri Iraki hakiri kare bituma haca havuka Al-Qaïda nayo ivukamwo umuhari wa reta ya Kiyisilamu.
Facebook Forum