Uko wahagera

Reta ya Kenya Ihanganye na Miguna Miguna


Umunyapolitike wo mu gihugu ca Kenya Miguna Miguna
Umunyapolitike wo mu gihugu ca Kenya Miguna Miguna

Umunyapolitike wo mu gihugu ca Kenya yatangaje ko yafashwe ku nguvu agatwarwa mu gisagara ca Dubai muri Reta ziyunze z'Abarabu.

Ku rubuga rwe rwa Twitter, Miguna Miguna yanditse avuga ko yugaraniwe mu kazu ka sugumwe ku kibanza c’indege c’i Nairobi kuva ku musi wa mbere.Ico ni igihe yari avuye mu gihugu ca Canada, inyuma y’aho arungikiweyo ku nguvu mu kwezi guheze.

Miguna avuga ko abajejwe umutekano muri Kenya, binjiye muri ako kazu yarimwo ku musi wa kane, bagaca bamutera agashinge karimwo umuti, hanyuma bagaca bagenda baramukwega, bamutwara mu ndege ya kompanyi Emirates.

Abashikirizwamanza ba Miguna bavuga ko uyo mugabo baburanira, yirukanywe muri Canada, kandi yari afise urwandiko rwa sentare rumuha uburenganzira bwo kwidegemvya.

Umucamanza wo muri sentare nkuru ku musi wa gatatu, yaragirije umushikiranganji ajejwe intwaro yo hagati hamwe n’umukuru w’igipolisi ko bakengereye sentare mu kutubahiriza ingingo y’ubutungane. Yaciye abarengukisha imbere ya sentare kugira ngo biregure kuri ivyo birego.

Miguna yarungitswe muri Canada ku nguvu mu kwezi guheze, inyuma y’aho arahije umunyapolitike atavuga rumwe na reta, Raila Odinga, mu mabanga y’umukuru w’igihugu mu kwezi kwa mbere. Vyari mu ntumero yo kwiyamiriza Perezida Uhuru Kenyatta, yari asubiye gutorwa.

Yaciye yamburwa igitabo ciwe c’inzira pasiporo imbere y’uko yirukanwa mu gihugu ca Kenya. Yamara arafise kandi ubunyagihugu bwa Canada, kandi igitabo c’inzira ariko arakoresha ni ica Canada.

Bamwe mu bashigikiye Odinga bavuga ko Kenyatta yivye amatora y’umukuru w’igihugu yabaye mu kwezi kw’umunani.

Odinga na Kenyatta baraganiye mu ndwi iheze mu twigoro two kugabanya uruhagarara rwatanguye inyuma y’amatora y’umukuru w’igihugu mu kwezi kwa cumi na rimwe k'umwaka ushize.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG