Uko wahagera

Mali: Intagondwa Yishe 1 Ikomeretsa 2 mw'Ihoteri i Bandjagara


Abasirikare bacungereye umutekano w'umukuru w'igihugu ca Mali, Ibrahim Boubacar Keita igihe yariko agendera hoteri Radisson Blu hotel i Bamako, Mali, Itariki 21/11/2015.
Abasirikare bacungereye umutekano w'umukuru w'igihugu ca Mali, Ibrahim Boubacar Keita igihe yariko agendera hoteri Radisson Blu hotel i Bamako, Mali, Itariki 21/11/2015.

Abantu bitwaje ibirwanisho bishe umuntu umwe bongera bakomeretsa abandi babiri mu gitero bakoze kw’ihoteri igenderwa cane n’abakozi bakorera amashirahamwe yitaho imbabare hamwe n’abagwizatunga mu gisagara co mu gihugu ca Mali citwa Bandjagara.

Umutegetsi wo muri reta ya Mali, uyu musi ku wa kane, yatangaje ko ico gitero kibaye, hari haheze imisi mike umushikiranganji wa mbere agendeye ico gisagara, agatangaza ko azotuza abagwanyi bo mu murwi w’intagondwa z’aba Jihade.

Abagabo bane bitwaje ibirwanisho barinjiye muri hoteli yitwa Falaise ejo ku musi wa gatatu ku mugoroba, baca barasa umusirikare yari acunze iyo hoteri, nk’uko umuvugizi w’igipolisi Amadou Sangbo, yabitangaje. Uyo musirikare ngo yaragerageje kwivuna ariko mu nyuma yahavuye yicwa.

Abasivire babiri barimwo umukozi wo kur’iyo hoteri nabo, barakomeretse. Uwundi musirikare yar’acunze ibanki iri mur’iyo micungararo yaciye aja gufasha uyo wundi musirikare yariko ararasana n’izo ntagondwa, nk’uko amakuru yatangajwe n’umupolisi abivuga. Mu nyuma izo ntagondwa zahavuye zihunga.

Gushika ubu, nta murwi n’umwe uratangaza ko ari wo wakoze ico gitero.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG