Umutegetsi akomeye wa al-Qaida ni umwe mu bakora iterabwoba babiri bishwe n’igitero c’indege c’urunani rwa Reta zunze ubumwe z’Amerika na Libiya ku musi wa gatandatu mu bumanuko bushira uburengero bwa Libiya.
Abategetsi ba Reta zunze ubumwe z’Amerika bari baravuze kur’ico gitero, hafi y’igisagara ca Ubari, ariko bavuga ko abakora iterabwoba babiri bishwe.
Abasirikare b’Amerika ku mugabane w’Afrika, AFRICOM baremeje ku musi wa gatatu ico gitero ca mbere kuri al-Qaida muri Libiya, cahitanye Musa Abu Dawud, yahora amenyereza abarwanyi b’ishami rya al-Qaida mu karere ka Maghreb.
AFRICOM yavuze kandi ko Dawud yahora aha inkoho hamwe n'ibindi bikoresho hamwe n’uburyo bw’amafaranga vyatuma uwo muhari utera ukabangamira inyungu z’Amerika n’abanyaburaya mur’ako karere.
Mu kwezi kwa gatanu umwaka wa 2016, Reta zunze ubumwe z’Amerika niho zatangaje ko Dawud ari intambamyi ku mutekano w’Amerika.
Facebook Forum