Uko wahagera

Nairobi: Miguna Aracyafungiye mu Bwiherero ku Kibuga cy'Indege


Miguna Miguna
Miguna Miguna

Umunyepolitike atavuga rumwe na reta y’igihugu ca Kenya, Miguna Miguna yatangaje, uno musi ku wa gatatu, mu butumwa kuri Twitter, ko agipfungiwe mu kibanza c’umwanda mwinshi ku kibuga c’indege gikuru co ku murwa mukuru, Nairobi. Ivyo ni inyuma y'uko adadaje ku kigoro k’ukumwirukana ku butaka bwa Kenya.

Umushingwamanza wiwe, James Orengo, avuga ko abategetsi ba Kenya bakwiye guhanwa kubera bihojeje ingingo sentare nkuru y’igihugu yafashe, ku musi wa kabiri. Iyo ngingo yari iyo kurekura bidatevye Miguna Miguna n’uko yokwitaba sentare uno musi mu gitondo.

Miguna yirukanywe muri Kenya asubizwa mu gihugu ca Canada mu kwezi guheze. Vyari mu gikorwa ca reta c’ugufatira ingingo zikomeye abanyepolitike bitavye ibirori vy’ukurahira kwa Raila Odinga mu mabanga ya prezida mu buryo butarekuriwe n’amategeko y’igihugu. Odinga, ayaboye urunani rw’abatavuga rumwe na reta, yarahiye mu ntumbero y’ukwiyamiriza ugusubira gutorwa mu mabanga ya prezida kwa Uhuru Kenyatta.

Sentare yari yategetse mu nyuma yaho ko Miguna asubizwa igitabo c’inzira ciwe ca Kenya, kandi ko arekurirwa kugaruka mu gihugu.

Yamara igihe Miguna yashika ku kibuga c’indege mpuzamakungu c’i Nairobi ku musi wa mbere, abapolisi bagerageje kumwinjiza ku nguvu mu ndege yari igiye kuva mu gihugu. Yamara ivyo ntivyashobotse kubera yagize imyiyerekano.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG