Inama ya ONU ijejwe amahoro n’umutekano kw’isi yongereje ibikorwa vya Monusco umurwi wa mbere munini w’abasirikare bayo kw’isi, kugira ushobore gutegura amatora arindiranwe igishika muri Republika iharanira demokarasi ya Kongo agamije gusezerera Perezida Joseph Kabila.
Iyo nteguro y’itegeko yateguwe n’Ubufaransa yongera yemezwa na bose yongereje ikiringo ca Monusco gushika mu kwezi kwa gatatu umwaka w’2019 kandi yongerezwa ibikorwa birimwo gukingira abasivile gushika kw’itariki y’amatora ategekanijwe kw’igenekerezo rya 23 z’ukwezi kwa cumi na kabiri.
Ambasaderi wa RDC muri ONU, Ignace Gata Mavita, ntiyashigikiye iyo ngingo, aca avuga ko izo nteko za ONU zikwiye imbere ya vyose kurwanya imirwi yitwaje ibirwanisho mu nyuma zibone gukingira abasivile no kugarukana amahoro mu ntara zo mu buseruko bw’igihugu.
Yongeye gusaba ko Monusco yotahuka, kuko imaze imyaka yababa 20 mur’ico gihugu kirimwo abateshejwe izabo barenga imiriyoni zine, nkuko ONU ibishikiriza.
Facebook Forum