Ubushinwa bwemeje kur’uyu wa gatatu urugendo i Pékin rwa Perezida wa Koreya ya ruguru Kim Jong Un, yiyemereye ko yiteguriye inama na Reta zunze ubumwe z’Amerika mu mugambi wa gukura ibirwanisho vya Nikleyeli mu karere ko mazinga ya Koreya.
Itororokanirizo ry’amakuru ry’Ubushinwa, Chine nouvelle ryashikirije ko Kim Jong Un yaganiriye na Perezida w’Ubushinwa Xi Jinping mur'urwo rugendo yagize i Pékin kuva ku musi w’Imana gushika kur’uyu wa gatatu.
Urwo rugendo rwari rwatangajwe kuva ku musi wa mbere ku mugoroba n’ibimenyeshamakuru vyo mu Buyapani, vyavuze ko hari umutegetsi mukuru wa Koreya ya ruguru yinjiye i Pékin mu Bushinwa, ariko ntivyashoboye gutomora neza ko ari Kim Jong Un.
Ibimenyeshamakuru vyo mu Bushinwa navyo vyari vyirinze gutangaza urwo rugendo, birindira ko Kim Jong Un asubira mu gihugu ciwe.
Facebook Forum