Uko wahagera

Perezida Kim wa Koreya ya Ruguru Yagendeye Ubushinwa


Perezida wa Koreya ya ruguru Kim Jong Un mu mubonano n'intumwa zidasanzwe za perezida wa Koreya y'epfo.
Perezida wa Koreya ya ruguru Kim Jong Un mu mubonano n'intumwa zidasanzwe za perezida wa Koreya y'epfo.

Perezida wa Koreya ya ruguru Kim Jong Un ari mu gihugu c’Ubushinwa mu rugendo rutamenyeshejwe, nkuko vyashikirijwe n’ikimenyeshamakuru Bloomberg c’i New York kur’uyu wa mbere ku makuru naco cemeza ko cakuye ku mpande zitatu kitavuzwe amazina.

Nta makuru y’ubutegetsi bw’Ubushinwa canke Koreya ya ruguru yashikirijwe mu bimenyeshamakuru vyo mur’ivyo bihugu vyompi kur’urwo rugendo. Mugihe Perezida Kim yoba ari mu Bushinwa rwoba rubaye urugando rwiwe rwa mbere agize mu mahanga kuva ashikiriye ubutegetsi mu mwaka wa 2011.

Rushobora kandi kuba intambwe ikomeye mu vya kidipolomasiya mu gihe havugwa ko hashobora kuba umubonano hagati ya Perezida Kim na Perezida Donald Trump wa Reta zunze ubumwe z’Amerika mu misi iri imbere.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG