Uko wahagera

Zuma Aritaba Ubutungane mu Kwezi kwa Kane


Jacob Zuma yahoze ari perezida wa Afrika y'epfo ashikiriza ijambo mu nama nshingamateka i Cape Town, Itariki ya 2/11/2017.
Jacob Zuma yahoze ari perezida wa Afrika y'epfo ashikiriza ijambo mu nama nshingamateka i Cape Town, Itariki ya 2/11/2017.

Uwahoze ari Perezida wa Afrika y’epfo, Jacob Zuma ashobora kurengutswa imbere y’ubutungane mu ntango z’ukwezi kwa kane kugira yisigure ku vyagiriji vyo kurya ruswa, no kunyuruza ubutunzi bwa reta ku mafaranga yaronse ku masezerano yerekeye ibirwanisho imbere y'uko aba perezida. Ivyo vyatangajwe n’ibimenyeshamakuru vyo mur’ico gihugu ku musi w’Imana.

Ivyo bimenyeshamakuru bimenyesha ko Zuma ashobora kuzokwumvirizwa n’ubutungane ubwa mbere kw’igenekerezo rya 6 ukwezi kwa kane muri sentare y’i Durban mu buraruko bushira ubuseruko bw’igihugu.

Haraheze imisi cumi, umushikirizamanza mukuru w’igihugu, Shaun Abrahams atangaje ko uwahoze ari umukuru w’igihugu ashobora gukurikiranwa n’ubutungane kur’iyo dosiye.

Inyuma y’amezi yagirizwa ivyaha bitari bike, Jacob Zuma, w’imyaka 75 y'amavuko yahisemwo gutanga imihoho manda yiwe itarahera mu kwezi guheze, aremerewe n’umugambwe wiwe ANC, uri ku butegetsi.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG