Abantu babiri baremezwa ko bishwe kur’uyu musi wa gatanu mu Bufaransa, inyuma y’aho umuntu yitwaje inkoho yivuze ko ari uwo mu muhari w’iterabwoba wa reta ya kiyisilamu arasiye amasasu mw’isoko (Supermarché) mu gisagara Trebes kiri bumanuko bushira uburengero bw’igihugu.
Igiporisi kivuga ko abategetsi bajejwe ubutungane bakikuje uwo yagirizwa ubwo bwicanyi kur’iryo soko kandi hari abo coba cafashe kikagira imbohe.
Umushikiranganji wa mbere w’Ubufaransa, Edouard Philippe yavuze ko amatohoza ariko arakorwa atumbereye ku gitero c’iterabwoba.
Philippe yagize ati: "Amakuru tumaze gutororokanya gushika ubu ndiko mvugana namwe atuma twiyumvira ko iki gishobora kuba ari igitero c’iterabwoba. Philippe yavuze kandi ko umuporisi umwe yakomeretse ariko ko amagara yiwe atabangamiwe.
Ubufaransa buri mu bihe vyo kuguma buri magabo inyuma y’aho habereye ibitero vy’iterabwoba vy’umuhari w’iterabwoba wa reta ya Kiyisilamu kuva mu mwaka wa 2015 vyahitanye abantu barenga 200.
Facebook Forum