Uko wahagera

Igitero c'Indege z'Amerika Cahitanye aba Al Shabab 2 muri Somaliya


Igitero c’indege z’ingwano za Reta Zunze Ubumwe za Amerika mu bumanuko bwa Somaliya mur’iyi ndwi cishe abarwanyi babiri b’umurwi al-Shabab, gikomeretsa abandi batatu.
Igitero c’indege z’ingwano za Reta Zunze Ubumwe za Amerika mu bumanuko bwa Somaliya mur’iyi ndwi cishe abarwanyi babiri b’umurwi al-Shabab, gikomeretsa abandi batatu.

Igitero c’indege z’ingwano za Reta zunze ubumwe za Amerika mu bumanuko bwa Somaliya mur’iyi ndwi cishe abarwanyi babiri b’umurwi al-Shabab, gikomeretsa abandi batatu. Ivyo bitangazwa n’ibiro bikuru vy’igisirikare ca Amerika ku vyerekeye akarere ka Afrika, AFRICOM.

Ibiro, AFRICOM, vyatangaje kur'uyu wa gatatu kw’ico gitero cabereye hafi y’igisagara ca Mubarak, kiri mu bumanuko bushira uburengero bw’umurwa mukuru wa Somaliya, Mogadisho.

Vyinshi mu bitero vy’indege z’igisirikare ca Amerika muri Somaliya bibera mur’ako karere.

Ibiro AFRICOM ntivyatangaje amazina y’abantu baronderwa mu gitero cabaye mu gitondo co ku musi wa mbere. Yamara ivyo biro vyatangaje ko vyakoranye n’inteko za Reta ya Somaliya. Ico cari igitero kigira gatandatu kigizwe na Amerika muri Somaliya mur’uyu mwaka. Ivyo bitero vyahitanye abarwanyi 17 muri rusangi.

Icegera ca bulamatari w’intara ya Lower Shabelle, Adbifatah Haji Abdulle, yabwiye Ijwi rya Amerika, Servisi y’Igisomali ko bakiriko bagerageza kumenya abo igitero co ku musi wa mbere cahiga.

Amenyesha kw’abo bantu bishwe ar’abayobozi b’umurwi al-Shabab. Yamara atangaza kw’ibirenga ngaho bizoshikirizwa inyuma yuko itohoza riherahejwe.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG