Uwikekwa mu bitero bitari bike vy’amabombe vyariye umutima abanyagihugu bo mu gisagara ca Austin, muri Reta ya Texas, muri Reta zunze ubumwe za Amerika, mu kiringo c’indwi zitatu zirangiye yariyishe ku musi wa gatatu. Yaturikije bombe mu modoka yarimwo igihe igipolisi cari kigiye kumuhagarika.
Umutegetsi mukuru w’igipolisi mu gisagara ca Austin, Brian Manley, yatangaje ko bari hafi y’ugufata uwikekwa mur’ivyo bitero vya bombe yamenyekanye kw’izina rya Mark Anthony Conditt, umugabo w’umuzungu atagira akazi w’imyaka mirongo ibiri n’ine.
Igihe abapolisi bafise ubuhinga bukomeye bariko begereza Conditt, yikekwa mu bitero vy’amabombe yaciye aturitsa bombe yari mu modoka yiwe.
Umutegetsi mukuru w’igipolisi mu gisagara ca Austin, Brian Manley avuga ko bemera ko Conditt ari we yakoze ibitero bitandatu vy’amabombe, harimwo amabombe atanu yaturitse ahitana abantu babiri, akomeretsa abandi bantu batanu.
Yamara abategetsi bo mu gisagara ca Austin bagabishije ababa mur’ico gisagara no mu micungararo y'aho ko hashobora kuba hakiri ayandi mabombe ataratorwa. Bamenyesha ko batazi impamvu zatumye Conditt agira ivyo bitero vy’amabombe.
Facebook Forum