Uko wahagera

Kigali: Ibihugu by'Afurika Byasinye Amasezerano y'Ubuhahirane


Abategetsi b’ibihugu vyo muri Afurika bateye igikumu uno musi ku wa gatatu ku masezerano akomeye cane ku ruja n’uruza ata ntambamyi mu vyerekeye ubudandaji muri ako karere.

Ayo masezerano azotuma haba isoko ry’abantu umuliyaridi n’imiliyoni amajana abiri ry’agaciro kangana na triliyoni zitatu z’imiliyaridi amajana ane y’amadolari. Umugambi ushaka gushikwako ni ugukomeza ubudandaji hagati y’ibihugu vyo muri Afurika.

Bitegekanijwe ko amasezeranso ku ruja n’uruza ata ntambanyi mu vyerekeye ubudandaji hagati y’ibyo bihugu aja mu ngiro mu mpera z’uyu mwaka. Ivyo vyatangajwe na Moussa Faki Mahamat, umuyobozi w’umuryango w’ubumwe bwa Afurika.

Amareta y’ibihugu vyo muri Afurika ategerezwa kwemeza ayo masezerano muri iki gihe.

Yamara haracari impungenge ku bijanye n’ayo masezerano. Uburundi, igihugu gituranyi n'u Rwanda nticohereje intumwa muri iyo nama. Na reta y'Uburundi ntiyateye igikumu kuri ayo masezerano. Perezida wa Nigeriya, kimwe mu bihugu bikomeye cane mu vyerekeye ubutunzi muri Afurika, ntiyitavye inama yabereye i Kigali, mu Rwanda. Ivyo ni mu gihe amashirahamwe aserukira abakozi muri Nigeriya adashigikiye amasezerano ku ruja n’uruza ata ntambamyi ku bijanye n’ubudandaji hagati y’ibihugu vya Afrika. Ibindi bihugu bitasinye ayo masezerano ni Gineya Bisau, Sierra Leone na Eritrea.

Yamara bimwe mu bihugu vya Afurika aho ubutunzi buriko bitera imbere mu bwihuta harimwo Ghana na Etiyopiya vyarateye igikumu kuri ayo masezerano.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG