Abantu bashika kuri babiri barishwe, abasirikare babiri ba ONU barakomereka mw’ijoro ryo ku musi wa mbere muri Centrafrika igihe imihari ibiri yitwaje ibirwanisho yariko irarasana mu gisagara ca Alindao, kiri ku birometero 500 mu buseruko bw’umurwa mukuru Bangui, ivyo vyashikirijwe kur’uyu wa kabiri n’umwe mur’iyo mirwi hamwe na ONU.
Abapfuye ni abarwanyi b’umuhari w’abarwanyi (UPC), umuhari ukomeye urwanira mur’iyo ntara wiyonkoye ku barwanyi b’umuhari ex-Séléka b’Abayisilamu nkuko amakuru ava mu burongozi bwawo abivuga.
Ayo makuru avuga ko abasirikare babiri ba ONU bakomeretse harimwo Umurundi hamwe n’uwo muri Gabon bari mu nteko za Minusca zagiye kugarukana amahoro mur'ico gihugu, igihe bariko bararasana n’abo barwanyi b’umuhari UPC hamwe n’aba antibalaka.
Facebook Forum