Ibisata bitandukanye vy’ishirahamwe mpuzamakungu ONU bisaba gukingira ibihumbi vy’abasivile bahunga intambara zikomeye mu buseruko bwa Ghouta, mu micungararo y’umurwa mukuru Damasiko hamwe no muri Afrin, muri Siriya.
Amashirahamwe atanga imfashanyo avuga ko abantu barenga ibihumbi 50 mu buseruko bwa Ghouta bataye ingo zabo mu misi iheze. Bavuga kandi ko ibihumbi amajana bugaraniwe mur’ico gisagara kandi bakeneye imfashanyo zihuta.
Igisata ca ONU cita ku mpunzi HCR ivuga ko batariko barafasha mu guhungisha abantu ariko bamaze gutororokanya amahema kandi biteguye kurungika imfashanyo.
Haruhande y’ivyo, mu buraruko bushira uburengero bwa Siriya, abanyagihugu barenga ibihumbi ijana barahunze ingo zabo mu ntara ya Afrin. Abasirikare ba Turukiya bariko barasagiriza abarwanyi b’abakurde, bagiriza kuba bakorana n’umugambwe w’abakozi ba Kurdistan, udacana uwaka n’ubutegetsi bwa Turukiya.
Facebook Forum