Uko wahagera

Perezida Trump Yakeje Putin ku Ntsinzi


Abategetsi bakora muri Perezidanse ya Amerika bemeje amakuru avuga ko Perezida Donald Trump yavuganye kuri telephone na Prezida w'Uburusiya, Vladimir Putin, aherutse gusubira gutorwa. Amakuru yatangajwe na reta y’Uburusiya yemeza ko Trump yakeje Putin ku ntsinzi yiwe.

Abo bategetsi bombi bayaze ku kamaro kw’ugukorera hamwe ku bibazo nkoramutima birimwo kugwanya iterabwoba mu makungu, kugabanya ibigwanisho ruhonyanganda hamwe no gukorera hamwe mu vyerekeye ubutunzi.

Abategetsi b'Uburusiya batangaje iyo nkuru, bavuga ko abaperezida bombi bayaze kandi ku bibazo vyo mu gihugu ca Siriya hamwe no muri Ukraine.

Putin yatsinze amatora yo kubandanya gutwara igihugu c’Uburusiya ku ncuro igira kane ku musi wa mungu. Yaronse amajwi angana n’ibice 77%.

Inyuma gatoyi y’aho intsinzi ya Putin itangarijwe, abategetsi bakora muri perezidanse ya Amerika bari bavuze ko iyo ntsinzi idatangaje, bongera bavuga ko ata mugambi Trump yari afise wo kumukeza.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG