Uko wahagera

USA: Bombe Yakomerekeje Umuntu Austin muri Texas


Ikibombe caraye giturikiye ku biro bikora nk'iposita vyitwa FedEx hafi y’igisagara ca San Antonio muri leta ya Texas.

Abategetsi bariko baratohoza kugira bamenye niba ico kibombe gifitaniye isano n’ibimaze imisi biturikira mu gisagara ca Austin muri Texas nyene. Umuntu umwe yakomeretse igihe ico kibombe caturika.

Muri iki gihe, abapolisi b’inyamiramabi FBI bashitse muri ico kibanza gutangura itohoza. Agatu kari karungitswe mu gisagara ca Austin, kimaze ikiringo kingana n’ukwezi kiberamwo ibindi bibombe nk’ivyo.

Abajejwe umutekano muri Reta Zunze Ubumwe za Amerika bavuga ko abo bagabo babiri, bose bafise imyaka nka 20 bakomeretse muri ico kibombe giherutse guturikira mu gisagara ca Austin.

Uwurongoye igipolisi muri ico gisagara, Brian Manley, avuga ko abo bagabo babiri bakomeretse cane, yamara ngo bazorusimba. Yavuze ko abajejwe itohoza bamaze kubona isano riri hagati y’ico kibombe caraye gituritse hamwe n’ibibombe vyaturikiye mu gisagara ca Austin kuva kw’igenekerezo rya 2 ry’uku kwezi kwa gatatu.

Abapolisi bariko kandi baratohoza niba ivyo bibombe bifatiye ku rwanko rw’ubwoko. Ibibombe bitatu vya mbere vyishe abagabo babiri b’abanyamerika b’abirabure, vyongera birasinzikaza umutamakazi w’imyaka 75 afise amamuko mu bihugu vyo muri Amerika yo mu bumanuko. Yamara uyo muntu yaraye akomeretse wewe ni umuzungu.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG