Uko wahagera

Perezida Trump Ntabona Neza Itohoza rya Mueller ku Burusiya


Robert Mueller ni umushingwamanza adasanzwe muri Amerika atohoza ku Burusiya
Robert Mueller ni umushingwamanza adasanzwe muri Amerika atohoza ku Burusiya

Perezida wa Amerika Donald Trump arabandanya kwiyamiriza ukwo ibikorwa vy’amatohoza y’uruhara Uburusiya bwagize mu matora y’umukuru w’igihugu yo mu 2016 muri Amerika ariko aragenda. Avuga ko ayo matohoza ata fatiro agira kandi ko arimwo inyungu za poritike.

Inyuma y’amasaha make ibiro vy’umukuru w’igihugu ca Amerika bitangaje ko Prezida Trump ata mugambi afise wo gukura Robert Mueller umushingwamanza adasanzwe ayoboye ayo amatohoza, mu mpera z’indwi irangiye Perezida Trump yabandanije kwandika ku rubuga rwiwe rwa Twitter anegura ibikorwa vya Mueller.

Ku musi w'Imana aho yatangura yibutsa intsinzi yiwe mu matora yahiganyemwo na Hillary Clinton, yanditse kuri Twitter yiwe ati : “Ni kuki akarwi ka Mueller kagizwe n’intagondwa z’abademokrate 13, hamwe n’abantu bashigikiye Hillary Clinton, ariko ntikagiremwo umuntu wo mu mugambwe w’abarepublikani n’umwe... hari n’umudemokrate yabajije ati ivyo ni vyiza koko? Trump yongerako ati “…ariko kuri ivyo vyose ntacahinduwe!”

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG