Uko wahagera

Inama Izohuza Amerika na Koreya Zombi Irategerejwe


Abategetsi bakuru ba za Koreya zombi bahuriye i New York ku cyumweru tariki 18/03/2018.
Abategetsi bakuru ba za Koreya zombi bahuriye i New York ku cyumweru tariki 18/03/2018.

Utwigoro tudasanzwe mu kwitegurira inama zidasanzwe zitegekanijwe guhuza Koreya ya Ruguru na Koreya y’Epfo, zikongera zigahuza ivyo bihugu na Reta zunze ubumwe za Amerika turabandanya. Izo nama zigamije kugerageza guhagarika umugambi wa Koreya ya Ruguru mu guhingura ibigwanisho ruhonyanganda.

Umukuru w’igihugu ca Koreya ya Ruguru Kim Jong Un yashikirije ico ciyumviro co kugira inama mpuzamakungu zerekeye ihagarikwa ry’iryo hinguro. Kim Jong Un yemeye ko haba ivyo biganiro hagati ya we n’umukuru w’igihugu ca Koreya y’Epfo Moon Jae-in, yongera atumira umukuru w’igihugu ca Amerika Donald Trump muri izo nama.

Inyuma y'aho, ingingo ya Prezida Trump yo kwemera kwitaba izo nama itegekanijwe kuba mu kwezi kwa gatanu kw’uyu mwaka, yaratangaje abatavuga rumwe nawe batari bake. Yamara reta ya Trump imenyesha ko izobandanya umugambi wayo udasanzwe wo kuremera Koreya ya Ruguru guhagarika iryo hingurwa ry’ibigwanisho ruhonyanganda gushika hapfunditswe amasezerano.

Gushika ubu, Koreya ya Ruguru ntiremeza niba izajya muri izo nama.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG