Uko wahagera

Abarovyi 5 Baragandaguwe na Boko Haram muri Nijeriya


Impunzi z'abanyenijeriya mu muhana y'i Tagal, Tchad, itariki 24/04/2017
Impunzi z'abanyenijeriya mu muhana y'i Tagal, Tchad, itariki 24/04/2017

Abarwanyi b’umuhari w’iterabwoba Boko Haram muri Nijeriya barishe abarovyi batanu, mw’izinga riri mu kiyaga Cad, babahoye gutanga amakuru y’ahari abakobwa barenga ijana bo mu gisagara ca Dapchi, banyurujwe mu kwezi guheze, nk'uko vyashikirijwe n’umukuru w’abo barovyi.

Umukuru w’ishirahamwe ry’abo barovyi Abubakar Gamandi avuga ko ivyo vyabaye ku musi wa kane mu ntara ya Baga, ku nkengera z’ico kiyaga, ariko ibiziga vyabo vyatowe ku musi wa gatanu.

Kubwiwe ico gitero cari gitumbereye kugabisha abanyagihugu baba mur’ivyo bice bariko barafasha kurondera abanyeshure banyurujwe mu kwezi guheze n’abakekwa kuba abarwanyi ba Boko Haram.

Kw’igenekerezo rya 19 ukwezi kwa kabiri, Boko Haram yaranyuruje abakobwa 110 bafise urugero rw’imyaka iri hagati ya 11 na 18, aho bari kw’ishure mu gisagara ca Dapchi, muri reta ya Yobe, ihana urubibe na Nijeri.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG