Uko wahagera

Abantu 8 Baguye mu Mpanuka y'Indege muri Senegali


Abasirikare ba Senegal baraba ahaturikiye bombe mu myimenyerezo ya gisirikare irongowe na Reta zunze ubumwe z'Amerika, i Thies, Senegal Itariki 18/02/2016.
Abasirikare ba Senegal baraba ahaturikiye bombe mu myimenyerezo ya gisirikare irongowe na Reta zunze ubumwe z'Amerika, i Thies, Senegal Itariki 18/02/2016.

Abategetsi b’igihugu ca Senegal batangaza ko abantu umunani bapfuye mu mpanuka y’indege y’igisirikare ya kajugujugu. Umuvugizi w’igisirikare, Colonel Abdoul Ndiaye, ni we yemeje iyo nkuru uno musi kuwa kane.

Nta makuru yatangajwe buno nyene ku catumye iyo mpanuka iba mu ntara ya Fatick mu bumanuko bwa Senegal, mw’ijoro ryo ku musi wa gatatu.

Abategetsi ba Senegal bari batangaje imbere y'aho ko abandi bantu batari bake bakomeretse igihe iyo ndege yakoroka. Harimwo n'umumenyeshamakuru akorera televiziyo ya Reta, RTS.

Iyo ndege ya kajugujugu yo mu bwoko bwa MI-17 yari igarutse ku murwa mukuru Dakar ivuye mu gisagara ca Ziguinchor.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG