Uko wahagera

USA Irahakana ko Idafasha Abarwanyi ba ISIS muri Afuganistani


Abasirikare ba Reta zunze ubumwe z'Amerika muri Afghanistan.
Abasirikare ba Reta zunze ubumwe z'Amerika muri Afghanistan.

Reta zunze ubumwe z’Amerika zahakanye ico bise ibinyoma bagirijwe n’igihugu ca Irani bivuga ko abasirikare b’Amerika muri Afuganistani bafasha abarwanyi b’umuhari w’iterabwoba wa reta ya kiyisilamu.

Umushikiranganji wa Irani ajejwe imigenderanire n’ayandi makungu, Mohammad Javad Zarif, mu ntango z’iyi ndwi yavuze ko kajugujugu z’igisirikare ca Reta zunze ubumwe z’Amerika zitabara kandi zitwara abarwanyi ba ISIS zibakuye mu bice biberamwo intambara no mu mabohero yo mu buseruko bwa Afghanistani bagatwarwa mu bibanza bitazwi.

Ambasaderi w’Amerika i Kabul, John Bass hamwe n’urunani rw’ibihugu biri kumwe n’Amerika mu kwivuna umwansi NATO, barashikirije amatangazo kur’uyu wa gatatu kuri televiziyo yo muri Afuganistani bahakana ivyo vyagiriji, bavuga ko ari poropagande iriko ikorwa na Irani.

Ambasaderi Bass yasavye reta ya Teherani gushira inguvu mu kurondera amahoro mur'ako karere aho gukwiragiza ibinyoma.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG