Uko wahagera

Perezida Ramaphosa Agiye Kwihutisha Kwaka Amatongo Abazungu


Perezida wa Afrika y'epfo, Cyril Ramaphosa, ashikiriza ijambo igihugu mu nama nshingamateka i Cap, itariki 16/02/2018.
Perezida wa Afrika y'epfo, Cyril Ramaphosa, ashikiriza ijambo igihugu mu nama nshingamateka i Cap, itariki 16/02/2018.

Perezida w’igihugu ca Afrika y’epfo, Cyril Ramaphosa yagiye ku butegetsi mu kwezi guheze yiyemeje, uno musi ku wa gatatu, ku vyerekeye kunyarutsa igikorwa c’ukwaka amatongo abazungu agahabwa abirabure.

Ikibazo c’amatongo n’ikibazo kitoroshe muri Afrika y’epfo. Ivyo inyuma y’imyaka 24 intwaro karyanishamiryango ya Apartheid irangiye mur’ico gihugu.

Prezida Ramaphosa yaragabishije kw’ico kibazo gishobora kugira inkurikizi zikomeye cane kiretse gitorewe inyishu mu maguru masha.

Ramaphosa yabwiye inama nshingamateka kw’umuntu afatiye kuri kahise k’igihugu, bategerezwa kwihutishwa gutunganya gushasha ikibazo c’amatongo. Yamenyesheje ko niyo batatorera inyishu ico kibazo kizoguma kibakwirikirana mu myaka amajana n’amajana. Atangaza ko bategerezwa ku gitorera inyishu burundu.

Perezida Ramaphosa ariko aremerwa bikomeye n’abirabure batagira amatongo mu gihugu bavuga kw’atacahindutse mu gihugu kuva intwaro karyanishamiryango y’abazungu irangiye mu mwaka w’i 1994. Abazungu baracafise hafi y’ibice 72 vy’amatongo muri Afrika y’epfo. Abirabure, aribo benshi mu gihugu, bafise ibice 4 gusa kw’ijana vy’ubutaka.

Bitegekanijwe kw’ikibazo cerekeye ubutaka gishimikirwako cane mu matora azoba mu mwaka w’i 2019 muri Afrika y’epfo.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG