Abategetsi muri Nepal batangaza ko abantu 49 bapfuye, inyuma y’aho indege yunguruza abantu barimwo ivuye muri Bangladesh ikorokeye igasha igatokombera igihe yariko igerageza kugwa ku kibuga c’i Kathmandu ku murwa mukuru wa Nepal.
Umuvugizi w’ikompanyi y’iyo ndege yavuze ko abari muri yo bari 71 kandi barimwo abakozi bayo bane. Mu ngezi 67 zari muri yo, 32 bari abanyagihugu ba Bangladesh, 33 bamuka muri Nepal.
Abategetsi bavuga ko abantu batari bake batabawe bakurwa mu bisigarira vy’iyo ndege vyariko birasha.
Abamenyeshamakuru bashitse aho iryo sanganya ryabereye bavuze ko iyo ndege yasambutsemwo ibice vyinshi vyari bishwiragiye hafi y’aho indege zigwa.
Facebook Forum