Uko wahagera

ONU: Intambara no Guhunga Vyateye Inzara muri RDC


Umukorera bushake aha ibifungurwa abateshejwe ingo zabo mu ntambara yo mu ntara ya Kasai, i Kikwit, RDC, itariki 7/07/2017.
Umukorera bushake aha ibifungurwa abateshejwe ingo zabo mu ntambara yo mu ntara ya Kasai, i Kikwit, RDC, itariki 7/07/2017.

Ishirahamwe mpuzamakungu ONU ritangaza ko inzara iriko itera yiyongera muri Republika iharanira demokarasi ya Kongo bitewe cane cane n’intambara hamwe n’uguhunga kw’abanyagihugu mu ntara ya Kasai, mu karere ka Tanganyika hagati no mu buseruko bw’igihugu.

ONU ishikiriza ko imiliyoni 7.7 vy’abanyagihugu, cane cane bo mu gihugu hagati babangamiwe n’inzara yo ku rugero rw’amapfa. Ivyo biharuro vyiyongereye 30 kw’ijana kuva mu mwaka w’2016 kandi ibigaragara ku rubuga nta cerekana ko kazoza kagiye kumera neza. Ivyo bishikirizwa n’umuvugizi wa PAM, igisata ca ONU citaho ibiribwa.

ONU ivuga ko yasavye imiriyaridi 168 z’amadolari y’Abanyamerika yo gufasha imiliyoni 10.5 vy’abanyagihugu muri uyu mwaka. Akamo ONU ivuga ko katitabwe bishimishije.

ONU itegekanya gutumako inama yiyaguye yo ku rwego mpuzamakungu y’abatanga imfashanyo zo gufasha mu gisata co guha ibiribwa abanyagihugu hagati mu kwezi kwa kane i Geneve mu Busuwise.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG