Umugambwe ukomeye mu yitavuga rumwe n’ubutegetsi muri Sierra Leone ni wo waboneka ko uri imbere gato y'iyindi mu majwi ejo kuw’Imana ku bice 75 vy’amajwi yar'amaze guharurwa, inyuma y’amatora y’umukuru w’igihugu yo kw’igenekerezo rya ndwi.
Ariko bigaragara ko ata mukandida yiteze gutsinda mu gice ca mbere ku buryo abakandida bariko bararaba ingene bokwiyunga mu runani mu kurindira ko hashobora kuba igice kigira kabiri c’amatora.
Umukukuruke mu gisirikare, jenerali Julius Maada Bio yaserukiye umugambwe "The Sierra Leone People's Party" (SLPP) niwe aza imbere gushik’ubu ku majwi 43.3, imbere ya Samura Kamara, yahoze ari umushikiranganji w’imigenderanire n’amakungu, wo mu mugambwe usanzwe ku butegetsi "All People's Congress" (APC), gushik’ubu afise amajwi 42.6 kw'ijana vy’amajwi amaze guharurwa.
Abanyagihugu barenga imiliyoni zitatu ni bo biyandikishije gutora mur’ayo matora yabaye ku wa gatatu. Perezida Ernest Bai Koroma wo mu mugambwe APC uri ku butegetsi ategerezwa kuva ku butegetsi inyuma y’ibiringo bibiri ahejeje yemererwa n’ibwirizwa shingiro.
Umukandida asabwa gukwiza amajwi 55 kw’ijana kugira atsinde mu gice ca mbere.
Facebook Forum