Uko wahagera

Amakungu Arashima Intambwe Nziza Hagati ya Trump na Kim Jong


Perezida Donald Trump, ibubamfu, na perezida wa Koreya ya ruguru Kim Jong Un\
Perezida Donald Trump, ibubamfu, na perezida wa Koreya ya ruguru Kim Jong Un\

Ibihugu bibanyi na Koreya ya ruguru birashima ingingo ya Perezida Donald Trump wa Reta zunze ubumwe z’Amerika yo kwemera kuzoganira na Perezida wa Koreya ya ruguru Kim Jong Un kugira barangize ugushamirana gufatiye ku birwanisho ruhonyanganda.

Kuva ejo ku wa kane ku mugoroba i Washington, Abashingamateka b’Amerika, Abategetsi b’Ubashinwa, Ubuyapani hamwe n’aba Koreya y’epfo barabandanya bashima iyo ngingo. Ariko haracariho kubangira gato kur’uko kunezerwa kuko hakiri kare mu gihe ata biganiro nyezina biratangura.

Umushikiranganyi w’Ubushinwa ajejwe imigenderanire n'ayandi makungu yavuze ko ibiganiro hagati y’abo bategetsi babiri izoba ari intambwe ishimishije.

Umushikiranganji wa mbere w’Ubuyapani Shinzo Abe, yamye atemera ibivugwa na Koreya ya ruguru, ejo kuwa kane yaravuganye na Trump telefone aramukeza ku kubona yarashoboye kugondoza Pyongyang irahindura ingendo.

Abe yaciye atangaza ko ategekanya kugendera Trump i Washington mu kwezi kuza kugira baganire kur’uyo mubonano na Koreya ya ruguru.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG