Ubushinwa buriko bwitegurira kwihora Reta zunze ubumwe z’Amerika, inyuma y’aho Perezida Donald Trump ashiriye umukono kw’itegeko ritoza amatagisi ku vyuma vyo mu bwoko bwa Acier na Aluminium vyinjira muri Amerika. Amahinguriro mu Bushinwa asaba abategetsi b’ico gihugu gufata ingingo zikomeye.
Abasesenguzi bakurikiranira hafi ivy’urudandazwa bavuga ko uko kwihora kuriko gutegurwa n’Ubushinwa gushobora gutanguza intambara mu vyo guhanahana ibidandazwa hagati y’ivyo bihugu bibiri rutura bitunze cane kw’isi.
Umushikiranganji w’Ubushinwa ajejwe urudandazwa yavuze ashimitse ko agiye kurwanira ubwigenge n’inyungu z’igihugu ciwe, yongera asaba ko iyo ngingo ifashwe na Amerika ihagarikwa vuba bidatevye.
Umushikiranganji w’Ubushinwa w’imigenderanire n’ayandi makungu Wang Yi nawe aremeza ko hashobora kuba intambara mu budandaji, avuga ko Beijing iriko irakora mu ntumbero yo kuraba ingingo ifata. Asaba ituze hamwe n’ibiganiro vyubaka kugira haboneke inyishu ishobora kwungukira ivyo bihugu vyose.
Perezida wa Reta zunze ubumwe z’Amerika Donald Trump ejo kuwa kane yarateye umukono kw’itegeko rishira amatagisi ku bice 25 kw’ijana ku vyuma vya Acier hamwe na 10 kw’ijana kuri Aluminum vyinjira mu gihugu. Iyo ngingo izoca itangura gushirwa mu ngiro inyuma y’imisi 15 nk'uko abategetsi b'Amerika babivuga.
Facebook Forum