Uko wahagera

Mali: Igitero Cahagaritse Iyubakwa ry'Urugomero


Bus y'ubushikiranganji bw'indero hafi y'umusigiti i Djenné mu ntara ya Delta ya Nijeri, hagati muri Mali, itariki 9/02/2005.
Bus y'ubushikiranganji bw'indero hafi y'umusigiti i Djenné mu ntara ya Delta ya Nijeri, hagati muri Mali, itariki 9/02/2005.

Abarwanyi bakekwa kuba ari abakora iterabwoba baharurwa muri 30 kur’uyu wa kane baragavye igitero ahariko harubakwa urugomero hafi y’igisagara ca Djenné, hagati muri Mali, nk'uko igipolisi kibishikiriza.

Igipolisi kivuga ko ibikorwa vyo kwubaka vyahagaze kandi ko ibikoresho vyo kwubaka, imodoka hamwe n’imashini zitanga umuyagankuba zasambuwe.

Abo bagizi ba nabi baje ku mapikipiki kandi bitwaje ibirwanisho, barakoranije abakozi barimwo abamuka muri Koreya y’epfo na Mali baca babasaba gutaha, nk'uko uwari arongoye ivyo bikorwa vyo kwubaka yari aho yabivuze.

Abategetsi bo muri ako karere bavuga ko ivyononekaye biharurwa mu miliyoni 52 z’amafaranga y’Abanyabulaya, kandi urwo rugomero rwari kuzovomera akarere kingana n’amahegitari ibihumbi 50.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG