Perezida wa Reta zunze ubumwe z’Amerika Donald Trump kur’uyu wa kane yarateye umukono kw’itegeko rishira amatagisi 25 kw’ijana ku vyuma hamwe na 10 kw’ijana kuri Aluminum vyinjira mu gihugu. Iyo ngingo izoca itangura gushirwa mu ngiro inyuma y’imisi 15.
Mu gihe iyo ngingo iteye amakenga ko hashobora kuba intambara muvy’uguhanahana ibidandazwa n’ibindi bihugu bicuditse n’Amerika, Trump yavuze ko Amerika yabaye ikuburiro ry’umwavu w’ivyuma na Aliminium, ivyo yise ko ari ugutera Amerika, asaba amahinguriro y’abanyamahanga kuza gukorera muri Amerika.
Trump yateye umukono kur’iryo tegeko inyuma y'amasaha 11 mu gihugu ca Chili ibindi bihugu 11 vyo ku mugabane w'Amerika birangije kwemeranya guhinyanyura amasezerano yo kugabanya amatagisi mu guhanahana ibidandazwa no gukuraho inzitizi hagati y'ibihugu bigize iryo shirahamwe.
Facebook Forum