Uko wahagera

Sierra Leone: Ivya Mbere mu matora Biratangazwa kur'uyu wa Gatanu


Umukozi mu batunganya amatora asigurira uwutora muri Freetown, Sierra Leone, Itariki 7/03/2018. (Photo: Jason Patinkin / VOA)

Kur’uyu wa gatanu, umurwi ujejwe gutunganya amatora muri Sierra Leone niho utegakanya gutangaza 25 kw’ijana vya mbere vy’amajwi bamaze guharura mu matora yabaye ku musi wa gatatu.

Ivyo vyatangajwe ejo kuwa kane mu gihe amaradiyo na televiziyo zo mu gihugu zitangarije ibiharuro atawuremeza vyavuye mu bibanza vy’amatora mu gihugu.

Nayo ishirahamwe ry’ubutunzi ry’ibihugu vyo mu burengero bwa Afrika, CEDEAO, ririko rirakurikirana ayo matora, ryasavye umurwi ujejwe gutunganya amatora kwongereza utwigoro kugira utangaze ivyayavuyemwo.

Mu kiganiro baremeshereje kur’uyu wa kane ku murwa mukuru Freetown, abarorerezi barungitswe na CEDEAO bakeje Abanyagihugu ba Sierra Leone kubona batoye mu mutekano.

Marcela Samba-Sesay, umuyobozi nshingwabikorwa w’urunani rw’indorerezi zo muri Sierra Leone, National Elections Watch yabwiye Ijwi ry’Amerika ko hashobora gutunganywa igice ca kabiri c’amatora y’umukuru w’igihugu. Ku bwiwe, nta mukandida n’umwe abona azoshikana amajwi 55 kw’ijana asabwa kugira yemezwe ko yatsinze.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG