Uko wahagera

Impaka Zirakomeje Mu Nteko Ishinga Amategeko Ya EAC


Martin Ngoga watorewe guhagararira u Rwanda muri EALA
Martin Ngoga watorewe guhagararira u Rwanda muri EALA

Inama nshingamateka y’umuryango w’Afrika y’Ubuseruko yarakoranye ikibiriraho kuwa gatatu itora ingingo iha uruhusha abashingamateka bose bavyifuza kuzotanga umuco mu rubanza rw'Uburundi bwitwayemwo muri sentare ya EAC, buvuga ko butemera uwutwara iyo nama nshingamateka.

Ico ciyumviro ni ic’umushingamateka wo mu Buganda Fred Mukasa Mbidde ari kumwe n’abandi bamushigikiye.

Inama nshingamateka y’umuryango w’Afrika y’ubuseruko yaciye itora ingingo imwemerera, co kimwe n’abandi bavyifuza kandi bafise ico bashikiriza mu rubanza ruri muri sentare, kubitanga.

Intumbero ya bo, ni iyo gutanga umuco mu rubanza rwashingishijwe n’Uburundi bwiyamiriza amatora yashikanye Umunyarwanda Martin Ngoga mu kibanza c’umukuru w’iyo nama nshingamateka, mu mpera z’umwaka uheze.

Iyo ngingo ivuga ko uwubikeneye wese ahawe ikaze kugira azotange umuco muri sentare yisunze ingene amategeko akurikizwa hamwe n’ingene vyagenze muri ayo matora.

Abashingamateka babiri gusa b’Abarundi Sophie Nsavyimana na Christophe Nduwayo nibo bari bahari, bobo berekanye ko badashigikiye iyo ngingo. Yamara kubera abashingamateka bashigikiye iyo ngingo ari benshi, yaruhiye gutorwa.

Ico kibazo cari cashikirijwe mu gihe urwo rubanza rwaburanishwa irya mbere, ku munsi wa kabiri w’iyi ndwi. Umushingamateka Mbidde, yari yarungitse abashingwamanza babiri bamuserukira.

Basiguye ko bashaka gutanga umuco muri sentare, batumwe n’inama nshingamateka, ariko uwuburanira reta y’Uburundi yarabanse, na sentare iramushigikira.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG