Uko wahagera

USA: Za Reta zo mu Buraruko Ziteze Amasimbi Menshi


Imodokari mw'ibarabara mu gihe ca neige, mu gisagara ca Eatontown, New Jersey, itariki 4/01/2018.
Imodokari mw'ibarabara mu gihe ca neige, mu gisagara ca Eatontown, New Jersey, itariki 4/01/2018.

Mu gihe ata ndwi irahera Reta zunze ubumwe z’Amerika iciwemwo n’igihuhusi c’umuyaga wononye ibitari bike, Amerika yiteze amasimbi (neige) menshi cane cane mu bice vyo mu buraruko bushira ubuseruko bw’igihugu.

Neige irenga santimetero 30 ni yo yitezwe kugwa mu karere kari hagati y'igisagara ca Philadelphia gushika Boston.

Kuva ejo ku wa gatatu inyuma ya sa sita, indege zirenga 2,600 zarahagaritswe kuguruka, kuri uyu wa kane bategekanya ko izindi 300 zishobora kwiyongera kuri izo.

Iyo neige ivanze n’umuyaga mwinshi ishobora kandi gusenga ibiti. Mu gihe abajejwe kugarukana umuyagankuba bakiriko barakora kugira bahe inzu zishika imiliyoni 2 hamwe n’amaduka y'abikorera utwabo bari barawutakaje kuva ku musi wa gatanu, inzu zirenga ibihumbi 90 kuri uyu wa gatatu ntizari bwasubire kuronswa umuyagankuba.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG