Uko wahagera

AMISON Iragabisha Imitego ya Al Shabab


Abasirikare b'Abarundi bo mu ngabo za AMISOM bariko barakizura mu micungararo ya Mogadishu, Somalia, Itariki ya 22/05/2012.
Abasirikare b'Abarundi bo mu ngabo za AMISOM bariko barakizura mu micungararo ya Mogadishu, Somalia, Itariki ya 22/05/2012.

Ibitero vya Al-Shabab ku basirikare ba AMISOM n’inteko za reta ya Somaliya bishobora kwiyongera mu gihe izo nteko ziri mu mugambi wo kwongera kwugurura ibarabara rikuru ryakoreshwa n’abo basirikare ryari ryarugawe na Al shababa, ivyo bishikirizwa n’umuvugizi wa AMISOM.

Liyetena Colonel Wilson Rono yavuze ko abasirikare ba AMISOM muri Somaliya bariko baragerageza kwongera kwugurura ibarabara ry’ibirometero 240 rihuza umurwa mukuru Mogadishu n’intara ya Baidoa.

Ni rimwe mu mabarabara atatu akomeye ahuza Mogadishu hamwe n’intara zo mu bumanuko, ubumanuko bushira uburengero hamwe n’intara zo hagati mu gihugu.

Rono yavuze ivyo inyuma y’aho Al Shabab iherutse gutega umutego imiduga y’inteko za AMISOM, ku birometero 40 mu buraruko bwa Mogadishu ku musi wa gatanu, igitero cahitanye abasirikare bashika 10 n’ibiduga 20 birasambuka.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG