Uko wahagera

Siriya: Imfashanyo Ntizatanzwe neza kubw'Intambara


Imiduga ya Croix Rouge ija mu buseruko bwa Ghouta hafi y'ikambi Wafideen i Damas, itariki 5/03/2018.
Imiduga ya Croix Rouge ija mu buseruko bwa Ghouta hafi y'ikambi Wafideen i Damas, itariki 5/03/2018.

Amakamyo yar’atwaye imfashanyo mpuzamakungu ku banyagihugu bugarijwe n’intambara mu buseruko bw’igisagara ca Ghouta muri Siriya yarasubiye inyuma bivanye nuko abasirikare ba reta babandanije ibitero vy’indege mu bice birimwo abayirwanya.

Ayo makamyo arenga 46 yari yahagurutse ava mu gisagara ca Douma ku mugoroba wo kur’uyu wa mbere asubira inyuma atabashije gupakurura imfashanyo zose yar’atwaye kubw’umutekano muke.

Abategetsi ba ONU batangaje ko abakoze batanga imfashanyo bagarutse ari bazima.

Nizo zari imfashanyo za mbere zari zishitse mu bice biri mu micungararo y’umurwa mukuru Damas kuva hagati mu kwezi kwa kabiri igihe ibitero vya reta ya Siriya n’Uburusiya bitanguye ku barwanya reta, abo perezida Bashar al-Assad yita abakora iterabwoba.

Ishirahamwe ryishinze guharanira agateka ka zina muntu rifise icicaro mu Bwongereza ryatangaje ko abantu 68 bishwe kur’uyu wa mbere nyene, igihe izo mfashanyo zariko zirashika. Ivyo bitigiri biciye bishikana ku bantu 760 bishwe mu ndwi zitatu ziheze.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG