Uko wahagera

Sierra Leone mu Matora kur'uyu wa Gatatu


Umunywanyi w'urunani rw'imigambwe itavuga rumwe na reta mu myiyamamazo, mu gisagara ca Bo, muri Sierra Leone, itariki 4/03/2018.
Umunywanyi w'urunani rw'imigambwe itavuga rumwe na reta mu myiyamamazo, mu gisagara ca Bo, muri Sierra Leone, itariki 4/03/2018.

Igihugu ca Sierra Leone kur’uyu wa gatatu kiratunganya amatora y’umukuru w’igihugu, ay’abashingamateka hamwe n’ay’abakuru b’imitumba.

Umukuru w’igihugu Ernest Bai Koroma wo mu mugambwe "All People's Congress party" azoba arangije ibiringo vyiwe bibiri yemererwa n’ibwirizwa shingiro.

Ukwiyamamaza mu gihugu cose kwabaye mu mahoro n’umutekano, ikimenyetso c’uko umutekano wasasagaye muri Sierra Leone kuva aho harangiriye intambara y’abenegihugu haraheze imyaka 15.

Mu gihe abakandida mu kibanza c’umukuru w’igihugu ari benshi, abakurikiranira hafi ayo matora bavuga ko bishoboka ko ku musi wa gatatu atawuzoshikana amajwi 55 kw’ijana asabwa kugira utahukane intsinzi, ibizotuma hatunganywa igice ca kabiri c’amatora.

Facebook Forum

XS
SM
MD
LG